Inama ya bose y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kuri uyu wa gatatu yatoye iremeza ku bwinshi kunegura ukwigarurira ibice vya Ukraine vyakozwe n’Uburusiya. Ni inyuma y’aho Uburusiya bukoreshereje igihagararo cabwo mu kanama ka ONU kajejwe umutekano bugatuma itora nk’iryo riba imfagusa.
Inama ya bose yavyemeje ku majwi 143 yavuze Ego ku bihugu bitanu vyavyanse ariko ibihugu 35 vyahisemwo kutagira ico bivuze. Birimwo Ubushinwa, Ubuhindi, Afrika y’epfo, na Pakistani.
Iyi nteguro y’itegeko isaba ibigo vyose vya ONU hamwe n’amashirahamwe mpuzamakungu kutemera impinduka zatangajwe n’Uburusiya ku bijanye n’imipaka. Isaba kandi Uburusiya gusubira vuba kuri iyi ngingo vuba bwango atakirinze gusabwa.
@AFP
Facebook Forum