Uko wahagera

Kamara Yahoze Arwanya Ubutegetsi bwa Liberiya Imbere y'Ubutungane bwa Paris


Kunti Kamara yahoze arwanya ubutegetsi muri Liberiya yitavye sentare i Paris mu Bufransa ku vyaha vy'agahomerabunwa yagirizwa birimwo gufata abantu bunyamaswa igihe c’ingwano yabaye muri Liberiya mu myaka y'i 1990.

Kunti Kamara, afise imyaka 47 muri iki gihe, yagirizwa kuba yakoze ivyo vyaha ku basivile mu gice ca Liberiya citwa Lofa hagati y’umwaka w’i 1993 n’umwaka w’i 1994. Yari umwe mu bayobozi b’umurwi wari witwaje ibirwanisho witwa Ulimo. Yari afise imyaka iri musi ya 20 muri ico gihe.

Yahagaritswe hafi y’umurwa mukuru w’Ubufransa mu mwaka w’i 2018. Mu gihe yokwagirwa n’ivyaha akwirikiranwako, ashobora kuzopfungwa ubuzima bwiwe bwose.

Amashirahamwe aharanira agateka ka muntu yashimye urubanza rwa Kunti Kamara ashingiwe muri sentare; akaba avuga ko ari intambwe ikomeye mu ntumbero yo kuronsa ubutungane abantu yasinzikaje.

Hassan Bility, ayoboye ishirahanmwe, “Global Justice and Research Project”, yavuze ko urubanza rwa Kunti Kamara ari intsinzi ikomeye ku bantu yasinzikaje muri Liberiya. Yavuze kandi ko urubanza nk’urwo rugabisha abakoze ivyaha muri Liberiya ko bazobibazwa aho bazoba bari hose.

Ishirahamwe Bility ayoboye ritohoza ivyaha bikabije vyakozwe mu gihe c’ingwano muri Liberiya rikongera rigafasha abasinzikajwe n’ivyo vyaha mu kubaronsa ubutungane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG