Uko wahagera

Abarenga 70 Baraguye mw'Isanganya ry'Ubwato mu Mazi muri Nijeriya


Ikarata ya Nijeriya
Ikarata ya Nijeriya

Prezida wa Nijeriya, Muhammadu Buhari yavuze kuri uyu w’Imana ko abantu 76 bapfuye igihe ubwato bwari bupakiye cane bwibira muri reta ya Anambra, iri mu bumanuko bushira ubuseruko bw’igihugu.

Abantu 85 nibo muri rusangi bari muri ubwo bwato igihe iryo sanganya ryaba ku musi wa gatanu, mu gace kasinzikajwe n’imyuzure y’imvura.

Buramatari wa reta ya Anambra, Chukwuma Charles Soludo, we yari yatangaje ubwa mbere ko abantu bagera kuri 15 mu bari batwawe n’ubwo bwato ari bo babashije kurokoka.

Reta ya Anambra ibaye iya 29 muri 36 zigize igihugu ca Nijeriya zasinzikajwe n’imyuzure itewe n’imvura nyinshi.

Iyi myuzure yarasenyuye ingo, yonona ibiterwa n’inyubako rusangi nk’amabarabara. Ingaruka zavyo zageze ku bantu barenga ibihumbi 500.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG