Uko wahagera

Gutunga Inzu ku Bakiri Bato muri Amerika Bisigaye ari Ubupfindo


Icapa cerekana ahari inzu yo kugura
Icapa cerekana ahari inzu yo kugura

Indoto yo gutunga Inzu ku Bakiri Bato muri Amerika Igenda Iraba Umugani kuri Benshi.

Muri Reta zunze Ubumwe z’Amerika, gutunga inzu, ikakwegukira ikwanditseko mu mazina yawe yose vyamye ari indoto ya benshi baba abakiri bato canke abakuze.

Iyo ndoto ariko, benshi ubu babona igoye kuzoyishikako: Inzu zarazimvye cane, abatanga ideni ryo kugura amazu bashira inyungu kugera ku bice 7% c’amafaranga baba bakuguranye. Ino nyungu, iri hejuru cane ugereranije n’uko vyahoze; yagwijwe hafi kugera ku ncuro zibiri ugereranije n’uko vyari imbere y’uko virusi ya Corona yaduka.

Sosiyete yitwa Bankrate, ikorera mu gisata c’ubutunzi, iheruka gukora ivyigwa vyerekanye ko benshi mu bari hagati y’imyaka 18-41, bipfuza kugura inzu basigaye babibona nk’umugani n'umuzi w'ibuye bivuye ko batoshobora kuyiriha n’iyo nyungu ingana uko.

Uwitwa Walter Key, akora akazi ko gufasha abavyipfuza kandi babishoboye kugura inzu, mu kiganiro cihariye n’Ijwi ry’Amerika yagize ati: “ Benshi mu bakiri bato baripfuza kugura amazu kandi cane. Ariko, bikaza kwanka ko banabika na duke boherako baha ibanki kugira ibagurane, kuko ayo bakorera bayakoteshamwo amazu abandanya kududuga ibiciro uko umwaka utashe.

Amber Corbett w’imyaka 28 aba mu gisagara ca Boston nawe yabwiye Ijwi ry’Amerika ati: “ Ndipfuza ko umunsi uri izina nogira inzu inyanditseko. Ariko ntavyo ndiko ndabona muri kubu ka hagufi. Boston aho mba harazimvye cane. Nkotesha ku mafaranga menshi gose. Hambavu y’ivyo ndacafise no kuriha amadeni y’amashure nize.”

Umukenyuro bamwe mu bakiri bato bavuganye n’Ijwi ry’Amerika mu gisata c’icongereza bavuga ko bafashe, ni uko hari abaja hamwe bakemera kubana n’abandi mu kurindira ko begeranya akanoti kazobafasha gushika ku ndoto zabo, abandi nabo bafise abavyeyi bakemera kuguma babana nabo.

Si bose indoto yo kuronka inzu ibanditseko igenda igabanuka ariko: Blake Brennan aba muri Reta ya Virginiya mu kiganiro yagiranye n’Ijwi ry’Amerika yagize ati: “ Igihe nari mfise imyaka 16, nigiriye inama ko ntazokwigera mpanga kugera mbaye mu nzu yanje bwite, kuko ku bwanje gupanga inzu nibanamwo jenyene nabona ari ugutakaza amahera. Ubu mfise imyaka 20. Mu mwaka uheze naguze akazu kanje kandi abavyeyi batamfashije. Naza ndabika uduhera duke nakorera nkiri ku ntebe y'ishure, mpejeje ndoka akazi kabayabaye,.. indoto yanje mbona kuyishira mu ngiro.”

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG