Uko wahagera

Uburusiya Bwagirizwa Kutavyifatamwo Neza mu Rugamba Burimwo na Ukraine


Zimwe mu ngabo z'Ubburusiya
Zimwe mu ngabo z'Ubburusiya

Umushikiranganji wo kwivuna abansi mu Burusiya asugerejwe na bamwe mu begereye ubutegetsi bw’Uburusiya bamwagiriza kutaba ariko yitwara neza mu rugamba igihugu ciwe kimazemwo imisi na Ukraine.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi mu Bwongereza yatangaje ano makuru abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, aho yasiguye ko mu basanga igisirikare c’Uburusiya kitariko kivyitwaramwo neza, harimwo umukuru w’aba checheni Ramzan Kadyrov, uwutwara abasirikare b’abacangero bari mu murwi witwa Wagner, bamwe mu bamenyeshamakuru b’ijunja muri tereviziyo y’igihugu na bamwe mu bavuga ntiryijane ku mbuga ngurukana bumenyi.

Umushikiranaganji wo kwivuna abansi yabandanje yandika ati: “ Iyo mirwi ahanini udutotsi tw’uko Uburusiya buriko bwitwara ku rugamba idutora cane kuri kizigenza mu gisirikare c’Uburusiya, gusumba ku ndongonzi za politike.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG