Ibanki nkuru ya republika y’Uburundi yafashe ingingo yo gusubira kurekurira amazu yo kuvunjirizamwo amafranga y’agaciro atari amarundi agakora . Umuyobozi w'ibanki nkuru BRB yasiguye ko ari mu ntumbero yo kunagura ubutunzi.
Ingingo ihagarika ivunjisha ry’amafranga y’agaciro mu Burundi mu mazu yabigenewe yari imaze imyaka ibiri. Kuri uyu wa gatanu, umuyobozi mukuru w’Ibanki Nkuru y’igihugu, BRB, yatangaje ko iyo ngingo cokimwe n’izindi zafashwe ziyiherekeza zasubije inyuma ubutunzi bw’igihugu muri rusangi.
Kuva mu mwaka w’2020, abakora uwo mwuga wo kuvunja amafranga y’agaciro atari amarundi, bahora bakorera mu kinyegero kuko ubwo bubasha bwari bwahawe amabanki azwi gusa.
Ubu, kuri bo, akamwemwe ni kose kuko bagiye gusubira gukorera ku mugaragaro.
Ingaruka mbi zari zatewe n’izo ngingo harimwo iyo kubuza ko umuntu ari mu Burundi atora amafranga y’agaciro n’aho yoba ari kuri konte yiwe muri Banki canke ku buhinga bwa WesterUnion ni nyinshi.
Umuhinga mu vy’Ubutunzi Faustin Ndikumana, abona ko gukuraho izo ngingo bizotuma n’amafranga y’agaciro nk’amadolari yiyongera mu gihugu, n’aho impinga ikiri ndende kuri ico kibazo.
Ishirahamwe OLUCOME rigwanya ibiturire n’abanyonora amatungo ya Reta, ryoryo risanga abari bafashe izo ngingo bakwiye guhanwa. Gabriel Rufyiri, atwara OLUCOME avuga ko izo ngingo zateje umutekano muke mu gihugu.
Facebook Forum