Ibanki y’isi yose yemeye guha igihugu ca Nijeriya ingurane y’imiliyoni 750 y’amadolari y’Abanyamerika.
Ibanki y’isi yose ivuga kw’iyo ngurane igenewe gufasha amareta 36 yo muri ico gihugu, mu kunagura imigambi itandukanye izotuma abagwizatunga bijijukira gukorera muri ico gihugu hamwe no kugwiza ubuzi.
Amareta atari make yo mu gihugu ca Nijeriya arafise ingorane zo guhemba abakozi kubera ubukene bw’amafaranga, bigatuma ategerezwa gusaba ingurane mu mabanki yo mu gihugu hagati.
Ibanki y’isi yose yavuze ko Nijeriya yateye intambwe imbere mu kworohereza abagwizatunga bakoresha imitahe yabo muri ico gihugu, yamara ngo ico gihugu kiracifise inzira ndende mu gukora ibihagije vyotuma abagwizatunga hamwe n’abandi banyamatungo baja gukorera muri ico gihugu ari benshi, nk’uko babikora mu bindi bihugu.
Facebook Forum