Uko wahagera

Prezida William Ruto Yivuguruje ku Migenderanire ya Kenya n'Ubushinwa


Prezida wa Kenya, William Ruto
Prezida wa Kenya, William Ruto

Prezida mushasha aheruka gutorwa muri Kenya, William Ruto, yarivuguruje kuvyo yashikirije ku Bushinwa mu bihe vy’imyiyamamazo. Arashimagiza ubucuti bwiza Kenya ifitaniye n’Ubushinwa. Yemeye ko Kenya igiye kwagura iyi migenderanire, mu bisata vy’inyubako, uburimyi, indero hamwe n’ibindi, ku nyungu z’ivyo bihugu.

Prezida William Ruto yavuze ibi igihe yabonana n’intumwa idasanzwe y’Ubushinwa kuri Afrika, Liu Yuxi, gato agitangura amabanga yiwe.

Mu bihe vy’imyiyamamazo, Prezida Ruto yariyamirije Ubushinwa, avuga ko mu gihe yotsinda azoca yirukana abashinwa bari muri Kenya, bariko barakora ubuzi bwategekanirijwe abanyakenya. Yemeye ko azoshira ahabona amasezerano reta ya Kenya yasinyiraniye n’Ubushinwa mu mwijima, avuga kandi ko azohagarika ingeso yo gusaba imfashanyo.

Ubushinwa nico gihugu kiza imbere mu guha amadeni menshi Kenya kandi nibwo buriko burakora ibikorwa vy’inyubako bikomakomeye, harimwo n’ibarabara rikomeye rizohuza ibisagara vya Nairobi na Mombasa.

Prezida avuye ku butegetsi, Uhuru Kenyatta, yarasinye n’Ubushinwa imigambi ikomeye y’inyubako z’iterambere, bituma Kenya ubu iheraniye Ubushinwa amafaranga angana amamiriyaridi y’amadolari.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG