Uko wahagera

RDC: Abasirikare Bagirizwa Kwica Abashinwa 2 Basabiwe Urwo Gupfa


Abasirikare ba FARDC
Abasirikare ba FARDC

Umucamanza wa sentare ya gisirikare mu buseruko bwa Repubulika ya demokarasi ya Kongo, kuri uyu wa mbere yasabiye igihano co gupfa abantu 11 bagirizwa kwica Abashinwa babiri bakora mw’icukuriro ry’ubutare muri uyu mwaka.

Kw’itariki ya 17 y’ukwezi kw’indwi, imodokari zarimwo Abashinwa bari batahutse bavuye ku kibanza gicukurirwamwo inzahabu, baguye mu gitero mu mihana y’i Nderemi mu ntara ya Ituri. Abakozi babiri b’Abashinwa barishwe ico gihe.

Sentare ya gisirikare yaciye itangura kuburanisha abantu 12 barimwo abasirikare 11 mu kwezi kw’indwi. Bagirijwe ivyaha vy’ubwicanyi, nkuko ababonye ingingo yafashwe na sentare babivuze.

Abasirikare babiri muri abo begetsweko ivyaha baracaronderwa ntibazwi irengero.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG