Prezidanse ya Amerika, White House, yatangaje ko prezida w’Ubufaransa Emmanuel Macron azogira urugendo rw’akazi i Washington mu ntango z’ukwezi kwa cumi na kabiri. Ruzoba rubaye urugendo rwa mbere azoba akoze muri Amerika ku ntwaro ya Prezida Joe Biden.
Urugendo rwa Prezida Macron rutegekanijwe kw’itariki ya mbere y’ukwa cumi na kabiri. Amerika izoba ivuye mu matora yo hagati ya manda.
Karine Jean-Pierre, umuyobozi ajejwe kumenyeshamakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu, yavuze ko uru rugendo ruzoshimangira imigenderanire ya Amerika n’Ubufaransa.
Reta ya Prezida Biden yamye ishemagiza Prezida Macron ku kuba mu bategetsi bo mu bihugu vyo mu burengero bicuditse na Amerika yahagaze ata bwoba mu kwiyamiriza intambara Uburusiya burimwo muri Ukraine. Ariko kandi mu bashigikiye ibihano vy’ubutunzi vyafatiwe Uburusiya n’abategetsi begereye Prezida Vladimir Poutine.
@AFP
Facebook Forum