Uko wahagera

Prezida Poutine Yahaye Ubwenegihugu Snowden Yagirijwe na USA Guhemukira Igihugu


Edward Snowden
Edward Snowden

Prezida Vladimir Putin kuri uyu wa mbere yahaye ubwenegihugu umunyamerika Edward Snowden. Edward Snowden, yahoze ari umukozi mu biro vy’Amerika bijejwe iperereza, CIA. Yarakoreshejwe mu rwego rujejwe umutekano muri Amerika, US National Security Agency. Yahungiye mu Burusiya akurikiranwa ko yatangaje ko yashize ahabona inzandiko z’umugambi w’ibanga w’ugusuma urusaku, w'ibiro, National Security Agency. Yavuze ko yabikoze kugira akingire uburenganzira ngenderwako ry’abanyagihugu kw’isi.

Iri tegeko rya Prezida Poutine risohotse mu gihe imigenderanire hagati ya Amerika n’Uburusiya iri ku rugero rwo hasi cane bivanye n’intambara muri Ukraine.

Umuvugizi wa perezidanse y’Uburusiya, Dmitry Peskov, yabwiye ibimenyeshamakuru ko Snowden yahawe ubwenegihugu bw’Uburusiya inyuma yo kubwisabira ubwiwe.

Snowden yavuze mu kwezi kwa cumi na kumwe 2020 ko yasavye ubwenegihugu bw’Uburusiya ariko ko yipfuza kugumana n’ubwenegihugu bwa Amerika.

Uwuburanira Snowden, Anatoly Kucherena yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Uburusiya, RIA Novosti, ko umugore wiwe, Lindsay Mills nawe nyene agiye guca asaba ubwenegihugu bw’Uburusiya. Umukobwa wabo we aza afise pasiporo y’Uburusiya kuko ariho yavukiye.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG