Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryagirije igihugu ca Venezuela ivyaha vyo gutyoza agateka k’ikiremwa muntu.
Icegeranyo c’ivyatohojwe ku gihugu ca Venezuela giheruka gusohorwa kivuga ko igisirikare co kimwe n’inzego zijejwe iperereza bifise uruhara runini mu bugizi bwa nabi bujanye no gucinyiza abanyagihugu, mu ntumbero yo kugumiza Prezida Nicolas Maduro ku butegetsi.
Abahinga ba ONU bateguye ico cegeranyo bavuga ko izo nzego zibiri z’umutekano zifise ibisata zikoranamwo bitunganijwe mu buryo buhanitse. Ico cegeranyo cerekana ko uburemere bw’ivyo vyaha bushobora kugereranywa n’ihohotera rya kiremwa muntu. Muri vyo harimwo ikubagurwa, ugufata abantu bunyamaswa, ivyaha bifatiye ku gitsina, ifungwa riteye kubiri n’amategeko, hamwe n’inyuruzwa ry’abantu.
Valinas Martas yari ayoboye uwo mugwi w’abahinga ba ONU, avuga ko ivyo vyaha vy’ihohotera rya kiremwa muntu vyakozwe n’ivyo biro bibiri vya reta, bikibandanya gukorwa n’ubu.
Umuserukizi wa Venezuela mu biro vya ONU i Geneve, Hector Constant Rosales, wewe yagiriza abo bahinga ba ONU kuba bariko bashikiriza amakuru y’ibinyoma ku gihugu ciwe.
Facebook Forum