Umukuru w’ishirahamwe ry’ubutunzi rihurikiyemwo ibihugu vyo muri Afrika y’uburengero, CEDEAO, kuri uyu wa gatatu yagabishije akagwi k’abasirikare bari ku butegetsi muri Gineya Conakry ko ico gihugu kizofatirwa ibihano mu gihe abo basirikare bogerageza kumara ku butegetsi imyaka itatu.
Prezida wa Gineya Bissau, Umaro Sissoco Embalo, atwara CEDEAO yavuze ko imyaka itatu ubutegetsi butarasubizwa abasivile ntibizokwihanganirwa n’iryo shirahamwe. Yongeyeko ko ata n’uwuzobiganirako, hari mu kiganiro yahaye Radiyo y’Abafaransa RFI aho yari i New York.
Gineya Conakry irongowe n’abasirikare kuva haba kudeta mu kwezi kw’icenda 2021. Iyo kudeta yakuye ku butegetsi Alpha Conde, yatwaye ico gihugu kuva mu 2010.
Isihirahamwe CEDEAO rihanzwe n’urukurikirane rw’amakudeta y’abasirike muri ako karere mu myaka ibiri iheze.
Mali yabayemwo amakugeta mu kwezi kwa munani 2020 n’ukwa gatanu 2021. Yakurikiwe na Gineya Conackry mu kwezi kw’icenda 2021 na Burkina Faso mu kwezi kwa mbere uyu mwaka wa 2022.
Facebook Forum