Uko wahagera

DRC Yongeye Kwagiriza u Rwanda Guhungabanya Umutekano Wayo


Prezida w'u Rwanda kumwe n'uwa Kongo
Prezida w'u Rwanda kumwe n'uwa Kongo

Ijambo rya Prezida Tshisekedi ryashimikiye ku bibazo bitari bike biraje ishinga bikomeye igihugu ciwe n’amakungu mu buryo bwa rusangi. Yamenyesheje ko kuva ashitse ku butegetsi, atahengeshanije guharanira amahoro n’umutekano mu ntara za Ituri, Kivu yo mu buraruko na Kivu yo mu bumanuko. Yamara yasiguye ko hari bimwe mu bihugu bibanyi vyabashimiye mu gutera igihugu ciwe n’ugufasha imirwi yitwaje ibirwanisho irya umutima abanyagihugu bo mu buraruko bw’igihugu ciwe. Yadomye urutoke ku gihugu c’u Rwanda.

Prezida Tshisekedi avuga ko muri iki gihe u Rwanda rwasubiye gutera igihugu ciwe mu kwezi kwa gatatu kw’uyu mwaka mu kurenga ku mategeko mpuzamakungu, ibwirizwa shingiro rya ONU n’iry’umuryango w’ubumwe bwa Afrika.
Yamenyesheje ko u Rwanda rutateye gusa igihugu ciwe, ko rwanigaruriye ibice vyo mu ntara ya Kivu yo mu buraruko rukoresheje umurwi w’iterabwoba witwaje ibirwanisho, M23, rufasha bikomeye mu bijanye n’ibirwanisho n’inteko.

Prezida Tshisekedi yiyamirije yivuye inyuma agasomborotso k’u Rwanda rukoresheje umurwi w’iterabwoba, M23. Ku bijanye n’amahoro n’umutekano mu makungu, Prezida Tshisekedi avuga ko ari inkingi ikomeye yatumye ihirahamwe mpuzamakungu ONU rishingwa. Yamenyesheje ko ikibazo c’amahoro n’umutekano kw’isi gishimikiye ku rugamba rw’ukurwanya iterabwoba n’uguhwamika imishamirano yibionekeje ku migabane y’Ubulaya na Afrika.

Ku bijanye n’umugabane w’Ubulaya, Prezida Tshisekedi avuga ko ingwano hagati y’Uburusiya na Ukraine yagize ingaruka zikomeye mu makungu na Afrika irimwo. Yavuze ko iyo ngwano yahungabanije ubudandaji kw’isi na cane cane ubudandaji bw’ingano n’izindi ntene hamwe n’amasoko ntanganguvu bituruka muri Ukraine n’Uburusiya banyagihugu mu bice bitandukanye vyo kw’isi bakeneye hamwe n’ubutunzi bw’ibihugu vyabo.

Prezida Tshisekedi yatangaje ko igihugu ciwe gishigikiye aho umuryango w’ubumwe bw’Afrika uhagaze kuri ico kibazo mu gusaba impande zose mu ntambara kuganira. Amenyesha ko kuri ico kibazo, ishirahamwe mpuzamakungu ONU rizi ko Republika ya demokrasi ya Congo ifise ibibazo bikomeye bijanye n’umutekano bimaze imyaka irenga 20 mu buseruko bw’igihugu.

Prezida Tshisekedi amenyesha ko ivyo bibazo vyatewe cane cane n’abashaka kwugarurira amatungo atagira uko angana ari musi y’ubutaka bw’ico gihugu hamwe n’imigambi y’ibihugu bibanyi y’ukwigarurira ubutaka bw’ico gihugu.
Aremera ko ishirahamwe ONU, umuryango w’ubumwe bwa Afrika, umuryango w’ubumwe bw’Ubulaya n’izindi mpande zo mu mahanga zikorana n’igihugu ciwe zagerageje guhagarika ivyo bibazo biguma bigaruka. Akaba ashimira izo nzego zose ku twigoro twazo. Yamara Tshisekedi amenyesha ko naho hari utwo twigoro twose tudahengeshanya, umutekano muke ubandanya kugeramira igihugu ciwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG