Uko wahagera

Cadi: Umushikiranganji Ajejwe Imigenderanire Yeguye


Mahamat Mahamat Zène Chérif
Mahamat Mahamat Zène Chérif

Umushikiranganji w’agatekanyo ajejwe imigenderanire w'igihugu ca Cadi, Cherif Mahamat Zene yatangaje uno musi ku wa mbere ko atanze imihoho kubera kutumvikana n'abanyapolitike bakomeye. Ni mu gihe reta iriko igerageza gutangura ibiganiro n'abatavuga rumwe na reta hamwe n'ukurangiza intwaro y'igisirikare.

Zene atanze imihoho mu gihe ibiganiro n’imirwi itandukanye y’abarwanya ubutegetsi n’abatavuga rumwe na reta biriko bibera ku murwa mukuru wa Qatar, Doha. Ivyo biganiro bigenewe gutuma haba amatora muri Cadi inyuma y’uko igisirikare gifashe ubutegetsi mu mwaka uheze.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire vy’agateganyo wa Cadi, Cherif Mahamat Zene, yatangaje, mw’ikete yandikiye prezida ryashizwe ku rubuga Twitter, ko bamwe mu bagize reta batariko bamworohereza kubandanya arangura amabanga yiwe.

Ntiyatangaje mu buryo bugaragara ku biganiro biriko biraba. Yamara yavuze ko uko ibintu vyifashe muri iki gihe uruhara rwiwe rutagaragara biboneka.
Ntaco ibiro vy’umukuru w’igihugu vyishuye buno nyene bibajijwe kugira ico bivuze ku vyatangajwe n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire vy’agateganyo.

Abategetsi ba reta mfatakibanza muri Cadi barateye igikumu ku masezerano y’amahoro n’imirwi irwanya ubutegetsi n’iy’abanyapolitike batavuga rumwe na reta 30 mu kwezi guheze. Iyo mirwi yemeye kuja mu biganiro vyo ku rwego rw’igihugu inyuma y’imyaka itari mike y’uruhagara mu gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG