Uko wahagera

USA Yibukije ko iri ku Ruhande rwa Armeniya Ihanganye na Azerbaijan


Nancy Pelosi agishika ku kibuga c'indege muri Armeniya
Nancy Pelosi agishika ku kibuga c'indege muri Armeniya

Umukuru w’inama nshingamateka y’Amerika, Nancy Pelosi, yanebaguye ibitero Azerbaijan iherutse kugaba muri Armeniya. Mu rugendo arimwo I Yerevan ku murwa mukuru wa Armeniya, Madamu Pelosi yavuze ko ibitero Azerbaijan yagavye muri Armeniya muri ino ndwi bihonyanga amategeko, kandi vyahitanye benshi.

Ingabo za Azerbaijan muri ino ndwi zarasubiye gutana mu mitwe n’iza Armeniya ku mipaka ivyo bihugu bihana, abasirikare barenga 200 muri rusangi barwa muri iyo ntambara: Armeniya, yemeza ko abaguye ku rugamba ku ruhande rwayo ari 135, Azerbaijan nayo ikavuga ko ku ruhande rwayo yabuze abasirikare 77.

Abashingamateka baherekeje Pelosi muri Armeniya nabo bemanze ko Azerbaijan ari yo yasomborokeje ingwano y’ino ncuro, bagirako basaba ko yovyemanga. Pelosi, yagiriyeko yibutsa ko Amerika iri ku ruhande rwa Armeniya, gutyo ikaba yipfuza kumenya imfashanyo ico gihugu gikeneye kugira cirwanire.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG