Uko wahagera

Umwaka Uraheze Abatalibani Bugaye Amashure y'Abakobwa


Bamwe mu bagore mu myiyerekano yiyamiriza iyugarwa ry'amashure y'abakobwa muri Afugansitani
Bamwe mu bagore mu myiyerekano yiyamiriza iyugarwa ry'amashure y'abakobwa muri Afugansitani

Ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, ryongeye gusaba rishimitse iyugururwa ry’amashure yisumbuye y’abakobwa muri Afuganistani. ONU yavuze ko ari ibiterasoni n’ibara kubona amashure yisumbuye y’abakobwa muri Afuganistani arumanije umwaka yugawe.

Hari nk’iri genekerezo aho mu mwaka uheze, inyuma y’imisi mike Abatalibani bagarutse ku butegetsi bafashe ingingo yo kugurura amashure yisumbuye yigako abahungu. Mu kwa gatatu ko mu mwaka uheze, ubushikiranganji bw’inyigisho bwaruguruye ay’abakobwa, ariko abategetsi b’Abatalibani bayugara inyuma y’amasaha make cane yuguruye.

Igisata ca ONU kijejwe gufasha muri Afuganistani, UNAMA, cemeza ko muri rusangi imiyabaga y’ abana b’abakobwa bakozweko n’ino ngingo irenga umuriyoni. Markus Potzel atwara ico gisata yagize ati: “ Ibi ni akambaro k’ibara. Nta handi vyabaye kw’isi. Biriko vyica kazoza k’ibibondo na kazoza ka Afuganistani.”

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres, abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter nawe yanditse ko “ Umwaka abatalibani bamaze babujije abakobwa kuja kw'ishure ari umwaka waranzwe no kubima amahirwe bizogorana ko bongera kuronka.”

Abatalibani bacugara amashure y’abakobwa bavuga ko bayugaye vy’imfata kibanza, bumvikanisha ko zimwe mu mvo zibitumye ari uburyo buke bwo guhinyanyura inyigisho zabo kugira zijemwo ico bise “ Ivya nkenerwa vy’idini rya Isilamu.” Mu ntango z’uku kwezi ariko, hari ibimenyeshamakuru vyo muri Afugansitani vyemeje ko bayugaye n’ibigirankana, bivuye ku bavyeyi benshi bo hagati mu gihugu batarumva ko ikibanza c’umwana w’umukobwa ari ku ntebe y’ishure.

Hambavu yo kugara amashure y’abana b’abakobwa, Abatalibani hari ubuzi bakumiriyemwo igitsina gore. Barongeye kandi kubategeka ko babwirizwa kwama bipfutse umubiri wabo wose igihe cose bari hanze y’imihana yabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG