Ibihugu vya Armeniya na Azerbaijani bisa n’ivyashitse ku masezerano yo guhagarika imishamirano y’intambara, imaze guhitana abasirikare bo ku mpande zose barenga 170 kuva itangura mu ntango z’iyi ndwi.
Abategetsi ba Armeniya batangaje uguhagarika intambara kuva ku musi wa gatatu. Ariko ntaco reta ya Azerbaijani iravuga ngo ivyemeze canke ibibeshuze.
Mu butumwa yacishije ku rubuga Twitter, umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire n’amakungu, Anthony Blinken, yavuze ko yakiranye urweze uguhagarika gutana mu mitwe. Yavuze kandi ko Amerika igiye kubandanya gukora kugira ayo masezerano atsimbatare.
Ugusubira gutana mu mitwe hagati y’ivyo bihugu bibiri kwari kwateye amakenga ko bigiye kuyangara muri ako karere.
Ibi bihugu bibiri bibanyi bipfa intara ya Nagorno-Karabakh, izwi n’amakungu ko yegurkira Azerbaijani ariko yagenzurwa n’ubwoko bw’aba Armeniya.
Facebook Forum