Uko wahagera

Ikiziga c'Umwamikazi Elizabeth II Cajanywe mu Kibanza Westminister Hall


Ikiziga c'Umwanikazi Elizabeth II
Ikiziga c'Umwanikazi Elizabeth II

Isandugu irimwo ikiziga c'umwamikazi, Elizabeth wa kabiri yavuye mu ngoro yiwe ya Buckingham Palace ku murwa mukuru w'Ubwongereza, Londres, ubwa nyuma uno musi ku wa gatatu. Cajanywe mu kibanza ca Westminster Hall muri ico gisagara nyene.

Ikiziga c’umwamikazi, Elizabeth wa kabiri kizoguma muri ico kibanza ca Westminster Hall, imisi ine kugira amakungu amugandarire, gushika aho azoshingurwa ku musi wa mbere w’indwi iza.

Umuhungu wiwe, umwani Charles wa gatatu, abo bavukana, n’abahungu biwe baherekeje isandugu irimwo ikiziga c’umwamikazi Elizabeth wa kabiri yariko urugori rw’amashurwe y’amaroza yera, n’urugori rwiwe rw’umwamikazi. Bitegekanijwe ko abantu ibihumbi amajana n’amajana baza gusezera ico kiziga mu kibanza ca Westminster Hall.

Abantu ibihumbi n’ibihumbi bari batonze umurongo ku nkengera z’uruzi Thames uno musi ku wa gatatu barindiye kwinjira mu kibanza ca Westminster Hall gusezera umwamikazi Elizabeth wa kabiri. Vyerakana icubahiro bafitiye umwamikazi wenyene benshi muri bo bamenye mu kiringo c’imyaka 70 yamaze ku ngoma.

Defile y’igisirikare yavuye mu ngoro yiwe ya Buckingham Palace gushika mu kibanza ca Westminster Hall yari igenewe guhimbaza imyaka 70 yari amaze ku ngoma.

Abasirikare bagize uruhara muri iyo defile bari bayiteguriye kuva umwamikazi, Elizabeth wa kabiri yitaba umuremyi.

Prezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden, yavuganye kw’itelefone n’umwami Charles wa gatatu, uno musi ku wa gatatu, kugira amushikirize ubutumwa bw’umubabaro ku rupfu rw’umuvyeyi wiwe, umwamikazi Elizabeth wa kabiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG