Uko wahagera

Abasirikare 100 Barishwe mu Ntambara Hagati ya Armeniya na Azerbayijani


World Court Armenia Azerbaijan
World Court Armenia Azerbaijan

Ibihugu vya Armeniya na Azerbayijani vyatanye mu mitwe kuri uyu wa kabiri hapfa abasirikare hafi ijana ku mpande zose. Ibi bihugu bipfa intara ya Nagorno-Karabakh kimwe kimwe cemeza ko icegukira.

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi muri Azerbayijani bwavuze ko abasirikare 50 b’ico gihugu bapfuye bitewe n’agasomborotso ka Armeniya. Armeniya nayo yatangaje ko yatakaje abasirikare bayo hafi 49.

Azerbayijani yagiriza Armeniya kutubahiriza amasezerano yo guhagarika intambara basinye mu 2020 bafashijwe n’Uburusiya.

Armeniya yateye akamo abategetsi b’ibihugu vyo kw’isi gufasha, inyuma y’aho uko gutana mu mitwe kwongeye kwaduka.

Umushikiranganji wa Amerika w’imigenderanire, Antony Blinken yasavye abategetsi b’ivyo bihugu bibiri guhagarika uko gusotorana no kwihutira kuganira no gutorera umuti w’ayo matati mu mahoro.

Ibi bihugu bibiri vyarwanye intambara zibiri bipfa iyo ntara. Iyo mu myaka y’1990 no mu 2020.

Intambara yamaze indwi zitandatu mu 2020 yarangiye ari uko Uburusiya bufashije kubumvikanisha.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG