Uko wahagera

Uganda Yarishe Bimwe mu vyo Yononye mu Ntambara ya DRC


Bamwe mu basirikare ba Uganda muri Kongo

Uganda carishe igice ca mbere c'indishi y'akababaro ku vyo igisirikare cayo cononye mu ngwano muri Repulbika ya demokrasi ya Congo mu myaka y'i 1990 igihe cigarurira ubutaka bw'ico gihugu.

Reta ya Uganda yarishe imiliyoni 65 y’amadolari y’igice ca mbere c’imiliyoni 325 y’amadolari yategetswe kuriha Republlika ya demokrasi ya Congo. Mu rubanza Republika ya demokrasi ya Congo yashingishije muri sentare mpuzamakungu y’ubutungane mu mwaka w’i 1999, yasavye iyo sentare gutegeka Uganda kuriha imiliyaridi 11 y’amadolari y’indishi y’akababaro ku bantu bishwe, ivyasahuwe n’ivyononywe mu bijanye n’ubutunzi muri rusangi igihe igisirikare ca Uganda cigarurira ibice vya Congo mu myaka y’i 1990.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe ikigega muri Congo, Apollo Munghinda, yemeje ko amakuru y’uko Uganda yarishe igice ca mbere c’indishi y’akababaro kw’itariki imwe y’uku kwezi kw’icenda. Umuvugizi wa Reta ya Congo, Patrick Muyaya, na we nyene yevyemeje. Sentare mpuzamkungu ijejwe ubutungane mu ngingo yayo yafashe mu mwaka w’i 2005, yavuze ko Uganda yarenze ku mategeko mpuzamakungu mu kwigarurira ibice vya Congo hamwe no mu gufasha iyindi mirwi yitwaje ibirwanisho mu ngwano yabaye muri Congo kuva mu mwaka w’i 1998 gushika mu mwaka w’i 2003.

Iyo sentare itatura amatati hagati y’amareta kandi ingingo zayo ari ntabanduka kandi zidashobora kwunguruzwa, yategetse Uganda na Congo kuganira ivyerekeye indishi y’akababaro. Mu mwaka w’i 2015, Congo yabwiye iyo sentare ko ibiganiro vyayo na Uganda, vyahagaze. Abacamanza bayo baciye bafata ingingo mu kwezi kwa kabiri kw’uyu mwaka y’uko Uganda yoriha imiliyoni 325 y’amadolari mu kiringo c’imyaka itanu mu gutanga imiliyoni 65 ku mwaka kuva mu kwezi kw’icenda kw’uyu mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG