Uko wahagera

UK: Umwami wa III Yashikirije Ijambo Ryiwe rya Mbere


Umwami Charles III
Umwami Charles III

Umwami Charles III yashikirije uno musi ijambo ryiwe rya mbere yugurura imirimo y’inama nshingamateka y'Ubwongereza ari mu mabanga yiwe mashasha.
Umwami Charles III yatangaje ko inama nshingamateka y’Ubwongereza ifise uruhara rukomeye muri demokrasi y’igihugu. Yahayagije uruhara rukomeye abashingamateka n’abakenguzamateka bagize mu mateka y’igihugu.

Umwami Charles III yatangaje ko umwamikazi Elizabeth II yatanze akarorero ku vyerekeye kwitanga atiziganya mu gukorera igihugu n’abanyagihugu. Yamenyesheje ko abashigamateka n’abakenguzamateka babimufashijemwo, azokwirikiza akarorero k’umuvyeyi wiwe.

Inyubakwa y’inama nshingamateka na nkenguzamateka y’Ubwongereza izokwakira ikiziga c’umwamikazi Elizabeth II kuva ku musi wa gatatu ku muhingamo mu kiringo c’imisi 4. Ni ho abanyagihugu bazoja kumusezera gushika ashinguwe ku musi wa mbere w’indwi iza.

Inyuma y’uko ashikirije ijambo ryiwe, Umwami Charles III yaciye agira urugendo mu gihugu ca Ecosse, aho yifatanije n’abajejwe guherekeza ikiziga c’umwamikazi Elizabeth II imbere y’imisa y’ukumusezera izoba ku muhingamo wo ku musi wa mbere w’indwi iza.(AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG