Uko wahagera

Ubushinwa Buragaya Ibihano Vyafatiwe Uburusiya


Prezida w'Uburusiya Vladimir Putin, iburyo, hamwe n'umukuru w'inama nshingamateka y'Ubushinwa Li Zhanshu
Prezida w'Uburusiya Vladimir Putin, iburyo, hamwe n'umukuru w'inama nshingamateka y'Ubushinwa Li Zhanshu

Ibimenyeshamakuru vyo mu Bushinwa bivuga ko umukuru w'inama nshingamateka y’ico gihugu yiyamirije ibihano vyafatiwe Uburusiya, mu rugendo arimwo muri ico gihugu.

Itororokanirizo ry’amakuru rya reta, Xinhua ryavuze ko Li Zhanshu yasavye ko haba ugukorera hamwe gukomeye mu kurwanya ibihugu vyo hanze vyivanga mu mikorere y’ibindi bihugu, hamwe n’ibihano bitagira ishingiro. Yabivugiye mu mubonano yagiranye n’abashingamateka b’Uburusiya.

umukuru w'inama nshingamateka yarabonanye kandi na Prezida Vladimir Poutine.

Uyo mutegetsi agendeye Uburusiya mu gihe muri uku kwezi nyene Prezida Poutine na Prezida Xi Jinping w’Ubushinwa bategekanya kuzobonanira mu nama y’ako karere ka Aziya izobera muri Uzbekistani. Ruzoba rubaye urugendo rwa mbere Prezida Xi Jinping akoze hanze y’Ubushinwa kuva hateye umugera wa corona, mu ntango za 2020.

Ikimenyeshamakuru Xinhua cavuze kandi ko Uburusiya bwifatanije n’Ubushinwa mu kunegura urugendo rw’umukuru w’inama nshingamateka ya Amerika, Nancy Pelosi aherukamwo muri Taiwani. Ni izinga Ubushinwa buvuga ko ari ubutaka bwabwo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG