Uko wahagera

Imyaka 21 Iraheze Abihevyi Bateye Amerika


Hamwe mu hagabwe ibitero
Hamwe mu hagabwe ibitero

Leta zunze ubumwe z’Amerika uno munsi ziribuka ku nshuro ya 21 abantu bagera ku bihumbi bitatu bahitanywe n’ibitero vy’iterabwoba vyo ku italiki ya 11 y’ukwa cenda mu 2001.

Ibitero vyagabwe ku cicaro gikuru ca gisirikare, Pentagon, i New York, hamwe no muri Reta ya Pennsylvania.

Abategetsi n’imiryango yaburiye ababo muri ivyo bitero vyagabwe n’indege z’abihevyi, baza guhurira aho vyagabwe bibuke ababo.


Prezida Joe Biden ijambo ryiwe aza kurivugira ku cicaro gikuru ca gisirikare, Madamu wiwe Jill Biden aje muri Pennsylvania, Visi Prezida, Kamala Harris, n’umugabo wiwe nabo baje i New York.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG