Uko wahagera

Ukraine Iriko Irisubiza Bumwe mu Burere Uburusiya Bwigaruriye


Zimwe mu ngabo za Ukraine

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi mu Bwongereza bwemeza ko Ukraine iriko iratera intambwe iboneka mu kwisubiza uburere butandukanye Uburusiya bwari bwarigaruriye.

Ingabo za Ukraine zemeza ko zigaruriye igisagara ca Izyum. Uburusiya nabwo bwemeje ko bwavuye muri ico gisagara, ariko buvuga ko bwahavuye ku bushake bwabwo.
Abasesanguze batangaza ko ukwisubiza ico gisagara ca Izyum ari intambwe ikomeye kuri Ukraine, kuko biganisha ku kwigarurira inzira y’indarayi Uburusiya bwacishamwo ibikoresho n’ibifungurwa vy’abasirikare bayo bamaze amezi arenga atandatu ku rugamba muri Ukraine.

Uburere ingwano yakazemwo burimwo akarere ka Donetsk. Abasesanguzi bikeka ko Uburusiya bushobora kurungika izindi ngabo muri ako karere kari mu minwe ya Ukraine, mu ntumbero yo gukazayo ibitero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG