Uko wahagera

Prezida Poutine na Xi Jinping Bategekanya Guhura mu Ndwi Iza muri Uzbekistani


Prezida Xi Jinping w'Ubushinwa na prezida w'Uburusiya Vladimir Putin, kw;itariki ya 4/02/2022
Prezida Xi Jinping w'Ubushinwa na prezida w'Uburusiya Vladimir Putin, kw;itariki ya 4/02/2022

Prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin n’uw’Ubushinwa, Xi Jinping bazobonana mu ndwi iza mu nama muri Uzbekistani.

Ambasaderi w’Uburusiya mu Bushinwa, Andrei Denisov, yavuze kuri uyu wa gatatu ko abo bategetsi babiri bazohurira mu nama y’imigenderanire y’i Shanghai, izobera ku murwa mukuru Samarkand w’i Uzbekistani ku matariki ya 15 na16.

Uru rugendo muri Uzbekistani, mu gihe rwoba nkuko bitegekanijwe rwoba rubaye urugendo rwa mbere Xi akoze mu myaka ibiri n’igice. Ibimenyeshamakuru mu Burusiya bivuga kandi ko Xi afise umugambi wo kugendera Kazakistani imbere y’iyo nama muri Uzbekistani.

Prezida Putine na Xi baheruka kubonanira i Beijing mu Bushinwa mu kwezi kwa kabiri, hasigaye indwi nke ngo Uburusiya burungike abasirikare muri Ukraine.

Abo baprezida babiri barasinye amasezerano asaba ko imigenderanire hagati y’ivyo bihugu bibiri ibaho itagira imipaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG