Uko wahagera

Mozambike: Intagondwa Zarishe Abantu Batandatu Zibaciye Imitwe


MOZAMBIQUE-UNREST-DISPLACED
MOZAMBIQUE-UNREST-DISPLACED

Prezida wa Mozambike avuga ko abarwanyi b’abayisilamiste barwanira mu ntara ya Nampula iri mu buraruko bw’igihugu, bishe abantu batandatu babaciye amazosi, banyuruza abandi batatu.

Umuhari w’abarwanyi b’abayisilamiste mu buraruko bwa Mozambike uriko uriyagurira uturere dushasha naho abasirikare ba reta hamwe n’inteko z’akarere bari mu twigoro two kuwutuza.

Mw’ijambo yashikirije kuri radiyo y’igihugu kuri uyu wa gatatu ari mu ntara ya Gaza, mu bumanuko, Prezida Filipe Jacinto Nyusi yemeje ko abo banyagihugu baciwe imitwe. Yavuze kandi ko amazu atari make y’abanyagihugu yaturiwe ku musi wa kabiri.

Kibaye igitero ca gatatu c’iterabwoba gikozwe mu misi itanu muri iyo ntara ya Nampula.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG