Uko wahagera

Intagondwa Zongeye Kugaba Ibitero Muri Mozambike


Intagondwa z'abayislamu muri Mozambike zakoze ibitero bishasha mu buraruko bw'igihugu.

Ivyo bitero vyabereye mu ntara ya Cabo Delgado vyongereje igitigiri c’abavuye mu zabo ku rugero rw’abantu 80,000 vyongera bigeramira ivyo reta itangaza ko yatsinze umugumuko w’intagondwa z’abayislamu mu buraruko bw’igihugu.

Abarwanya ubutegetsi bwa reta ya Mozambike baraguye akarere bagenzura mu bitero vyamaze ikiringo kirenga amezi 2. Ibitero bishasha bakoze vyatanguye mu kwezi kwa gatandatu, vyakwirikiye ikiringo caranzwe n’umutekano ugereranye igihe umutegetsi mukuru w’igipolisi c’igihugu yari yatangaje ko urugamba rw’ukurwanya iterabwoba rusa n’urwarangiye.

Yamara ibintu siko bimeze mu gihe abarwanyi b’intagondwa z’abayislamu bakoze ibitero mu bice umuntu atera aja mu bumanuko bw’igihugu kurusha imbere yaho. Baraturiye amazu barica abasivile mu bice vya Ancuabe, Chiure na Mecufi intara itari yabayemwo intambara kuva mu mwaka w’i 2017.

Ibitero vya nyuma bitumye igitigiri c’abataye izabo muri rusangi mu ntara ya Cabo Dealgado kigera ku 950,000.

Naho Mozambike yaronse imfashanyo ya gisirikare yatanzwe n’inteko zarungitswe n’ibihugu bibanyi hamwe n’u Rwanda, abarwanya ubutegetsi ntibaratsindwa.

Inteko zo mu mahanga zarungitswe mu ntara ya Cabo Delgado haraheze umwaka. Hari inyuma y’uko intagondwa z’abayislamu zifashe igisagara gikomeye ca Palma mu kwezi kwa gatatu mu mwaka w’i 2021.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG