Uko wahagera

Somaliya: Abana Barenga 700 Bapfiriye mu Bibanza Bafashirizwamwo


Umwe mu bavyeyi areze umwana muri Somaliya
Umwe mu bavyeyi areze umwana muri Somaliya

Ishami rya ONU ryitaho abana, UNICEF, ryatangaje uno musi ku wa kabiri ko abana barenga 700 bamaze gupfira mu bibanza baronkeramwo imfashanyo y'ibifungurwa muri Somaliya.

Uwuserukira ishirahamwe UNICEF muri Somaliya, Wafaa Saeed, avuga ko abana 730 bapfuye hagati y’ukwezi kwa mbere n’ukwezi kw’indwi muri uyu mwaka. Yamara, asanga ko ibitigiri nyakuri bishobora kuba birenga aho kubera benshi mu bapfa badatangazwa.

Ivyo bibanza bigenewe abana bafise ibibazo vy’ugufungura nabi cane n’abafise ibindi bibazo nk’indwara y’agasama, kolera canke malariya. Umuvugizi wa UNICEF, ku murwa mukuru wa Somaliya, Mogadisho, Victor Chinyama, atangaza ko badafise ibiharuro vy’ukuri vy’abana bamaze gupfa.

Ishirahamwe UNICEF rivuga ko indwara ziyadukiza ziyongeye mu bana. Rimenyesha ko abana 13,000 banduye agasama mu mezi ya vuba. Ibice 78 kw’ijana muri bo bari musi y’imyaka 5.

Imfashanyo y’amafranga agenewe Somaliya yariyongeye mu ndwi zirangiye. Yamara abategetsi bajejwe imfashanyo bavuga ko ishitse itevye kandi iyindi mfashanyo igikenewe.

Ni umusi umwe inyuma y’uko UNICEF igabishije ko ibice bimwe bimwe vyo muri Somaliya bizogeramirwa n’inzara mu mezi ari imbere. Akarere ko muri Afrika yo mu buseruko kagiye kwikwirikiranya incuro zitanu kataronka imvura mu gihe c’agatasi. Inzara yabaye muri Somaliya mu mwaka w’i 2011 yahitanye abantu barenga 250,000. Benshi muri bo bari abana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG