Uko wahagera

Cadi Ihanganye n'Imyuzure y'Imvura


Hamwe mu hari imyuzure
Hamwe mu hari imyuzure

Abantu ibihumbi n'ibihumbi muri Cadi barahanganye n'imyuzure ikomeye cane inyuma y'imvura y'isegenya itari bwaboneke mu kiringo c'imyaka 30 iheze. Iyo mvura y’isegenya yatumye abantu baba mu bice bimwe bimwe vy’umurwa mukuru, N’Djamena, bakoresha ubwato gusa mu ruja n’uruza rwabo, mu gihe abantu ibihumbi n’ibihumbi bahunze ingo zabo mu kiringo c’ukwezi kurangiye.

Mu gice kimwe c’ico gisagara, imiryango yategerejwe gukoresha ubwato bw’ibiti kugira ijabuke amabarabara yuzuye amazi kuva mu mpera z’ukwezi kw’indwi.
Imyuzure n’ibintu bishika kenshi mu gihe c’agatasi muri Cadi, gitangura mu kwezi kwa gatanu kigashika mu kwezi kw’icumi mu ntara zo hagati no mu bumanuko bw’igihugu.

Yamara muri iki gihe, imvura yaje hakiri kare kandi yari nyinshi cane kurusha uko bisanzwe, ikaba yararengeye uburyo bw’ugutwara amazi y’imvura mu miringoti, buhari. Ibice vyose uko ari umunani bigize umurwa mukuru vyarageramiwe n’imyuzure muri uyu mwaka.

Umukuru w’igisagara ca N’Djamena, Ali Haroun yatangaje ko reta yashizeho umurwi ujejwe gufasha abanyagihugu basinzikajwe n’imyuzure mu kubaha ibifungurwa, uburengeti n’imiti.

Ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bijejwe ibikorwa vyo gutabara, bimenyesha ko gushika mu mpera z’ukwezi kw’umunani abantu barenga 442,000 muri Cadi bari bamaze gusinzikazwa n’imyuzure.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG