Uko wahagera

Mali: Umusirikare Umwe wa Minusma Yakomerekejwe na Mine


Abasirikare b'inteko za ONU muri Mali, Monusco mu gukizura mu mabarabara y'i Gao, muri Mali, mu kwezi kw'indwi kw'itariki 24/07/2019
Abasirikare b'inteko za ONU muri Mali, Monusco mu gukizura mu mabarabara y'i Gao, muri Mali, mu kwezi kw'indwi kw'itariki 24/07/2019

Umusirikare umwe w’inteko za ONU ziri kubungabunga amahoro muri Mali yakomeretse cane kuri uyu w’Imana, inyuma y’igitero cakozwe ku modokari za ONU, mu buraruko bw’ico gihugu.

Umuvugizi w’izo nteko zizwi nka MINUSMA, yavuze ko izi modokari zaciye ku gisasu co mu bwoko bwa mine cateze mw’ibarabara, gica zikurikizwa amasasu mu ntara ya Gao. Ariko ntiyavuze igihugu uwo musirikare yakomeretse aturukamwo.

Mali iri mu rugamba n’abashaka kwiyonkora hamwe n’imirwi y’abajihadiste kuva mu 2012. Izo ntambara zatanguriye mu buraruko, mu nyuma zitandukira hagati mu gihugu. Zimaze guhitana ibihumbi vy’abasivile n’abasirikare, zongera zikura mu ngo abandi ibihumbi amajana.

MINUSMA ni umurwi wa ONU warungitswe muri Mali mu 2013. Niwo murwi wa mbere wa ONU ufise abasirikare benshi, barenga 17.000, hamwe n’abaporisi n’abasivile.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG