Uko wahagera

Ubushinwa Bwashavuriye ONU Kubera Icegeranyo Yakoze ku ba Uyghurs


Abayisilamu b'aba Uyghur mu masengesho yabo
Abayisilamu b'aba Uyghur mu masengesho yabo

Ubushinwa bwagirije uno musi ku wa kane ishirahamwe ONU ko risigaye ryigenza nabi kandi ko rihengamye rishigikiye Reta zunze ubunwe za Amerika n'ibihugu vyo mu burengero bw'isi. Ni inyuma y'uko urwego rwa ONU rujejwe agateka ka muntu rusohoye icegeranyo cari kirindiwe cane kigabisha ko Ubushinwa bushobora kuba bwakoze ivyaha vy'agahomerabunwa mu ntara ya Xinjiang.

Ico cegeranyo c’impapuro 46 casohowe iminota 15 imbere y’uko umuyobozi w’urwego rwa ONU rujejwe agateka ka muntu, Michelle Bachelet, arangiza ikiringo ciwe. Yayoboye urwo rwego gushika kw’italiki 31 y’ukwezi kw’umunani kw’uyu mwaka.

Ico cegeranyo kivuga ku buryo burambuye kw’ihohoterwa ry’agateka ka muntu harimwo gufata abantu bunyamaswa, kubakoresha ibikorwa biruhishije, vyakorewe abayislamu b’aba Uyghurs n’iyindi mirwi y’abayislamu bari ku rushi mu ntara ya Xinjiang, iri mu burengero bw’Ubushinwa.

Ico cegeranyo cemeje ibirego amashirahamwe aharanira agateka ka muntu n’ibihugu vyo mu mahanga n’aba Uyghur baba mu buhungiro, bashize ahabona, mu misi iheze. Cafatiye cane cane ku makuru yegeranijwe mu kiringo c’imyaka itari mike, harimwo urugendo rwo kwirabira ukugene ibintu vyifashe mu ntara ya Xinjiang, Michelle Bachelet n’umurwi yari arongoye bagize muri iyo ntara mu kwezi kwa gatanu kw’uyu mwaka.

Yamara ico cegeranyo nticavuze ko ivyo Ubushinwa bwagirazwa mu ntara ya Xinjiang, ari ihonyabwoko, nk’uko abashingamateka bo muri Reta zunze ubumwe za Amerika no mu bihugu bitari bike vyo mu burengero bw’isi, babitangaje. Ntivyashimishije bamwe mu baharanira agateka ka muntu. Kivuga ko muri iki gihe, amakungu ategerezwa rero gukwirikiranira hafi mu buryo bwihuta uko bintu vyifashe mu ntara ya Xinjiang.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG