Indege za Isirayeli zateye ikibuga c’indege c’i Aleppo mu buraruko bwa Siriya kuri uyu wa gatatu. Itororokanirizo ry’amakuru rya reta ya Siriya, SANA, ryavuze ko izo ndege zateye misile zine kandi hari ivyononekaye ariko nta wapfuye yatangajwe.
Ishirahamwe ryo muri Siriya riharanira agateka ka muntu, rifise icicaro gikuru mu Bwongereza, ryavuze ko izo misile zaguye mw’ibarabara ry’indege hamwe no mu bubiko, ahakekwa ko hari habitse misile zatanzwe na Irani.
Ku musi wa kane w’indwi iheze, ico kimenyeshamakuru SANA, cavuze ko abasivile babiri bakomerekejwe n’ibitero vy’indege za Isirayeli mu ntara za Hama na Tartus muri Siriya.
Kuva hatangura intambara hagati y’abenegihugu muri Siriya mu 2011, Isirayeli imaze kugaba ibitero vy’indege amajana mu buraruko bw’ico gihugu kibanyi. Ni ibitero vyatewe abasirikare ba reta hamwe n’imihari y’abarwanyi ishigikiwe na Irani hamwe n’umuhari Hezbollah.
Igisirikare ca Isirayeli gisigura ko ivyo bitero ari ukwikingira umwansi wayo Irani kugira ntihonyoze ikirenge ku muryango wayo.
Facebook Forum