Uko wahagera

Umubikira w'Umunyamerika Yari Yaranyurujwe muri Sahel Yarekuwe


Ababikira mu misa muri cathedral y'i Ouagadougou, Burkina Faso, kw'itariki ya 9/04/2020. Umunyamerikakazi w'umubikira yari yaranyurujwe n'abajihadiste mu buraruko bwa Burkina Faso mu kwezi kwa kane, yararekuwe.
Ababikira mu misa muri cathedral y'i Ouagadougou, Burkina Faso, kw'itariki ya 9/04/2020. Umunyamerikakazi w'umubikira yari yaranyurujwe n'abajihadiste mu buraruko bwa Burkina Faso mu kwezi kwa kane, yararekuwe.

Umubikira w’umunyamerikakazi w’imyaka 83 yari yaranyurujwe n’abajihadiste mu buraruko bwa Burkina Faso, mu kwezi kwa kane, yarekuwe.

Ekleziya Katolika muri Burkina Faso, yavuze ko Suellen Tennyson, ari umubikira wo muri Kongeregasiyo y’aba Marianites b’umusaraba mweranda. Yari yanyurujwe ari muri paruwasi y’i Yalgo, aho yakorera kuva mu 2014.

Muri Reta zunze ubumwe za Amerika, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire n’amakungu, yemeje irekurwa ry’umunyamerika yari yaranyurujwe muri Afrika y’uburengero. Uwo muvugizi ariko ntiyamuvuze izina, ariko Tennyson niwe munyamerika wenyene yari mu minwe y’abajihadiste muri ako karere.

Igisagara ca Yalgo kiri hagati y’ibisagara vya Kaya na Dori, mu buraruko bwa Burkina Faso. Ni akarere kasinzikajwe n’abajihadiste bashamikiye ku mihari al-Qaida na reta ya kiyisilamu.

Mu kwezi kwa kane, 2021, abanyaburaya batatu bagizwe n’abanyesupanye babiri hamwe n’umwe wo muri Irelande, banyurujwe inyuma y’igitero mu buseruko bwa Burkina Faso, baruhiye kwicwa n’abakora iterabwoba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG