Ibimenyeshamakuru mu Burusiya bitangaza ko Mikhail Gorbachev, yigeze kuba perezida wa nyuma wa Reta zunze ubumwe z’abasoviyete yitavye Imana kuri uyu wa kabiri ku mwaka 91.
Amakuru ibimenyeshamakuru bikesha ibitaro, avuga ko yapfuye inyuma yo kurwara igihe kirekire, ariko nta yandi makuru arenga ayo yatanzwe.
Gorbachev, yabaye ku butegetsi hagati y’imyaka y’1985 n’1991. Yari amaze imyaka mirongo ibiri ari inyuma ya poritike.
Yarahawe agashimye kitiriwe Nobel mu 1990 kubwo kuganira ku masezerano ku birwanisho vya Nikereyeri na perezida wa Amerika w’ico gihe, Ronald Reagan.
Abarusiya ariko bamwagiriza kuba Uburusiya bwamucikanyemwo ibihugu 15 mu 1991. Ibihugu vyahoze bicuditse nawe vyaramuvuyeko.
Itororokanirizo ry’amakuru rya reta y’Uburusiya, Tass, ryavuze ko Gorbachev azoshingurwa i Moscow haruhande y’umutambukanyi wiwe.
@AP
Facebook Forum