Uko wahagera

Ubudagi Busabira Ukraine na Georgia Kwinjira muri UE


 Olaf Scholz kumwe na bamwe mu bategetsi ba EU na Prezida wa Ukraine
Olaf Scholz kumwe na bamwe mu bategetsi ba EU na Prezida wa Ukraine

Chancelier w'Ubudagi, Olaf Scholz yasavye ko ibihugu vya Ukraine na Georgia vyemererwa kwinjira mu muryango w'ubumwe bw'Ubulaya. Chancelier Sholz yemeye gushigikira yivuye inyuma Ukraine n’ibindi bihugu vy’i Buraya vyipfuza kwinjira muri uwo muryango. Yamara yatangaje ko kuwagura mu kuva ku bihugu 30 ugashika ku bihugu 36 vyosaba guhindura ibitari bike.

Mu vyo yatangaje uno musi ku wa mbere, Scholz yamenyesheje ko ashigikiye iyinjira ry’ibihugu 6, ari vyo Albaniya, Bosniya, Kosovo, Montenegro, Macedoniya yo mu buraruko na Serbiya. Ivyo bikiyongera kuri Moldaviya, Georgia na Ukraine.

Olaf Scholz yavuze ko bagiye hamwe bazoshobora kwubaka kazoza keza mu kinjana ca 21 ku bantu imiliyoni 500 baba ku mugabane w’Uburaya. Mw’ijambo yashikirije kuri kaminuza, Charles University, ku murwa mukuru, wa Republika y’Abaceke, Prague, ku kugene abona umuryango w’Uburaya muri kazoza, Scholz yamenyesheje ko ingwano muri Ukraine yerekanye ibibazo vy’amafranga agenewe inzego zo kwivuna abansi mu karere k’Uburaya bitegerezwa gutorerwa inyishu, bakoreye hamwe kurushiriza.

Ubudagi bufise imigambi yo gukomeza kurushiriza ubuhinga bwabwo bwo kwivuna amamisile ku buryo bishobora kuzoba inkinzo ku bihugu bibanyi vy’i Buraya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG