Uko wahagera

Prezida Macron Yipfuza Gusubira Kunagura Imigenderanire na Aljeriya


Prezida w'Ubufaransa, Emmanuel Macron, aramukanya na prezida wa Aljeriya, Abdelmadjid Tebboune inyuma yo kuganira n'abamenyeshamakuru ku kirimba ca Perzida i Alger, kw'itariki ya 25/08/2022

Perezida w’Ubufaransa, Emmanuel Macron yatangaje kuri uyu wa kane ico yise “ibihe bishasha” mu migenderanire hagati y’Ubufaransa na Aljeriya. Ni ku musi wa mbere w’urugendo rw’imisi itatu arimwo muri Aljeriya. Rutumbereye kunagura ubucuti n’ico gihugu co mu buraruko bwa Afrika, cahoze mu bukoloni bw’Ubufaransa.

Ibiro vya Perezida Macron vyavuze ko urugendo rwiwe ari ugushinga umushinge wo gusubira kwubaka no guteza imbere imigenderanire ikunze gutosekara.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, Perezida w’Ubufaransa yatangaje ko ivyo bihugu bibiri bigiye gushiraho umurwi w’abahinga muvya kahise. Bazoba bajejwe kwiga ivyabaye mu myaka 130 Aljeriya yamaze mu bukoloni bw’Ubufaransa.

Icuka kibi hagati y’Ubufaransa na Aljeriya cunyuwe n’amajambo yashikirijwe na Perezida Macron mu mwaka uheze. Yibajije nimba Aljeriya cari igihugu imbere y’umuzo w’Abafaransa. Perezida Macron yagirije kandi Aljeriya gushikiriza amajambo abiba urwanko ku Bufaransa.

Iyo mvugo yatumye Perezida wa Aljeriya, Abdelmadjid Tebboune, akura ambasaderi w’igihugu ciwe mu Bufaransa, yongera abuza indege z’igisirikare c’Ubufaransa guca mu kirere cayo.

Rubaye urugendo rwa kabiri uwo mutegetsi w’Ubufaransa akoze muri Aljeriya kuva ashika ku butegetsi mu 2017.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG