Uko wahagera

Burundi: Abakenyezi Biyamiriza Amasezerano yo Kurungika Abakozi mu Barabu


Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Uburundi n'ayandi makungu kumwe na mugenzi wo muri Arabiya Sawudite.
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Uburundi n'ayandi makungu kumwe na mugenzi wo muri Arabiya Sawudite.

Reta y'Uburundi yashizeho amabwiriza ajanye no kurungika hanze abakozi bato bato cane cane abakobwa. Bazorungikwa gukora mu bihugu vy'Abarabu nka Arabiya Sawudite, Quatar n’ibindi. Reta y'Uburundi ivuga ko izohungukira kubera amakori bazotanga n'amafranga bazorungika mu gihugu cabo. Yamara, amashirahamwe y'Abakenyezi yoyo abona ko ari urudandazwa rw'abantu (Traffic humain).

Ku bw’Uburundi, amasezerano, amategeko n’amabwiriza agenga igikorwa co kurungika abakozi hanze azofasha mu gukingira agateka k’abo mu bihugu bagiyemwo. Ayo masezerano agenga abazoba bajanjwe n’amashirahawme azwi akorera mu Burundi canke hanze.

Abazoba baragiye ku giti cabo, Uburundi bubasaba kwitura ubuserukizi bw’igihugu barimwo kugira biyandikishe bamenyekane gutyo hagize uwugira ingora akitabwaho. Ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’amakungu, ni bwo buzokurikirana ico gisata n’inyungu kizotanga.

Ahanini, abakenyezi n’abakobwa ni bo barabwa n’ayo masezerano nk’uko ubushikiranganji bw’imigenderanire buvyerekana. Integuro y’itegeko rigenga ico Uburundi bwita “Kudandaza abakozi”, riheruka kwemezwa n’inama shingamateka. Iri tegeko rivuga ingene amashirahamwe azotwara abo bakobwa azobakurikiranwa, ingene abo bakozi bazorungika amafranga mu gihugu cabo, ingene uwugize ikibazo ubuserukizi bw’Uburundi buzomufasha n’ibindi.
N’ibihano birategekanijwe kw’ishirahamwe rizotwara abo bakozi mu nyuma bagafatwa nabi, canke bagakorerwa amabi atandukanye.

N’aho biri uko, amwe mu mashirahamwe akingira agateka k’abakenyezi abona ko ari uruyeri rwo gukora urudandazwa rw’abakenyezi. Maitre Immaculée Hunja arongoye urunani rw’abakenyezi baharanira amahoro n’umutekano, yabisiguriye Ijwi ry'Amerika. Fyonda hasi wumve insiguro ziwe mu nkuru ya Pierre Claver Niyonkuru.

please wait

No media source currently available

0:00 0:05:28 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG