Uko wahagera

Prezida w'Ubufaransa Agiye Kugendera Aljeriya


Prezida w'Ubufaransa Emmanuel Macron
Prezida w'Ubufaransa Emmanuel Macron

Perezida Emmanuel Macron w’Ubufransa ategerejwe muri Aljeriya. Ni mu gihe imigenderanire hagati y’Ubufransa n’ico gihugu icifashe nabi bifatiye ku nyifato Ubufransa bwerekanye ku ntwaro ya gikoloni.

Ubufransa bwakolonije Aljeriya mu kiringo kirenga imyaka 130. Imigenderanire hagati y’ivyo bihugu bibiri yaratosekaye cane mu bihe vya vuba, inyuma y’uko Prezida Macron yibajije niba Aljeriya yariho nk’igihugu imbere y’uko Ubufransa buyigarurira. Yagirije Reta ya Aljeriya ko yakokeje abanyagihugu bayo kuzira Ubufransa.

Prezida wa Aljeriya, Abdelmadjid Tebboune, yarakuye ambasaderi wiwe mu Bufransa mu kwezi kw’icumi mu mwaka uheze kubera ivyatangajwe na Prezida Macron, yongera aziririza indege z’igisirikare z’Ubufransa gukoresha ikirere c’igihugu ciwe.

Abafasha ba Macron babona ko impande zose zarengeye ivyabaye mu kuvuga ko biteguriye gusubira kugirana imigenderanire myiza. Prezida Macron yerekanye icifuzo c’ugusubira kugirana imigenderanire myiza na Aljeriya mu gihe ico gihugu gishobora kugira uruhara rukomeye mu guha umwuka utanga inguvu umuryango w’ubumwe bw’Ubulaya inyuma y’uko Uburusiya buteye igihugu ca Ukraine.

Ibihugu vy’i Bulaya biriko birondera guhagarika kuzera ku masoko ntangaguvu y’Uburusiya. Ivyo bikaba biha Aljeriya igihagararo n’uruhara rukomeye kubera gisanzwe gifise imiringoti itwara umwuka utanga inguvu igifatanya n’ibihugu vya Espanye n’Ubutaliyano.

Abderrahmane Mebtoul, umuhinga mu vyerekeye ubutunzi muri Aljeriya yatangaje ko Prezida Macron azosaba Aljeriya kugerageza kwongereza umwumbi w’umwuka utanga inguvu. Bitegekanijwe ko Macron amara imisi itatu muri Aljeriya aho azogendera umurwa mukuru, Algiers n’igisagara ca Oran kigira kabiri mu bunini mu gihugu. Ubwa nyuma Macron yagendeye Aljeriya hari mu kwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka w’i 2017, gatoyi inyuma y’uko ashitse ku butegetsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG