Ejo aho bukera, Republika ya demokarasi ya Kongo iratangura gucandaga abanyagihugu umugera wa Ebola. Ishami rya ONU ryitaho amagara y’abantu kw’isi, OMS, ryavuze ko isekeza ryo gukingira abanyagihugu Ebola rizohera mu gisagara ca Beni kiri mu buseruko bwa Kongo.
Incanco ziza zamaze kugera i Beni nkuko OMS ibandanya ibivuga zirenga 200. Isekeza ryo gukingira abanyagihugu Ebola rije rikurikira ubwandu bw’umuntu umwe yatangajwe muri ino ndwi.
OMS ivuga ko amatohoza yerekanye ko Ebola yafashe uwuheruka kwandura ifitaniye isano n’iyari yaradutse mu ntara za Kivu ya Ruguru na Ituri hagati y’umwaka w’2018 na 2020. Ico gihe, ubwo bwoko bwa Ebola bwahitanye abagera ku 2,300, mu mwaka uheze naho buhitana batandatu.
Umuvugizi wa OMS yabwiye itororokanirizo ry’amakuru y’abongereza, Reuters, ko incanco zizotangwa kuva ejo zatanzwe n’iryo shami rya ONU ryitaho amagara y’abantu kw’isi.
Kuva mu 1976, Kongo imaze guhangana n’ikiza ca Ebola incuro 14. Aho ico kiza cakaze gusumba, kikanahitana benshi, hari hagati y’umwaka w’2018 na 2020: Ico gihe cafashe abagera ku 3500.
Facebook Forum