Uko wahagera

Impunzi Zifungiwe Muri Tanzaniya Zirasabirwa Kugabanyirizwa Ibihano


Abarundi bahungiye muri Tanzaniya
Abarundi bahungiye muri Tanzaniya

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mpunzi, HCR, rihamagarira reta ya Tanzaniya kugabanya ibihano ku mpunzi z’Abarundi zifungiwe mu busho butandukanye mu ntara ya Kigoma.

Ni mu nama hagati y’abarongozi ba HCR, abacamanza, n’abanyamategeko ba sentare hafi zose zibarizwa mu ntara ya Kigoma. Iyo nama yabereye ku murwa mukuru w’intara ya Kigoma kuri uyu wa kabiri.

Mu bitigiri dukura muri HCR hafi impunzi z’abarundi 243 zifungiwe mu busho butandukanye mu ntara ya Kigoma.

Benshi mu bafunzwe bagirizwa amakosa atandukanye harimwo gusohoka inkambi bitemewe n’amategeko, ubugizi bwa nabi, guhungabanya umutekano, ubusuma n’indyane zo ngo.

Uwaserukiye HCR muri iyo nama, umutegarugori Rehema Msami, we asanga reta ikwiye kugabanya ibihano ku mpunzi zifungiwe mu gasho, ni mu gihe no mu buhungiro ho nyene bahabaye nk’abafungwa.

Uwaserukiye reta ya Tanzaniya muri iyo nama bwana Joseph Njohole yavuze ko iyo nama yari ifatiye kurabira hamwe ibibazo bihambariye abafungwa no kugabanya ibihano harimwo bamwe bamwe gufungirwa hanze y’igereza gusa ku bijanye n’impunzi ku bwazo ntaco yabivuzeko.

Zimwe mu mpunzi z’Abarundi mu nkambi ya Nduta zivuga ko benshi mu bafunzwe banyuruzwa mw’ijoro bagirizwa ubugizi bwa nabi hama imiryango yabo ntimenye iyo bafungiwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG