Uko wahagera

Impunzi z'Abarundi Zarungitswe mu Burundi Zasanze "Umutekano Udakwiye"


Umugwi w’impunzi zaserukiye abarundi bahungiye mu nkambi za Nduta na Nyarugusu warungitswe mu Burundi kwirabira ingene umutekano wifashe zisanga ikibazo c’umutekano ukwiye kitarakemuka

Vyavugiwe mu nama yabereye mu nkambi ya Nyarugusu aho izo mpunzi ziheruka mu Burundi zariko ziramenyesha bagenzi babo ico basanze mu Burundi nyuma y’urugendo rwabo rw’imisi 5 mu ma komine atandukanye.

Izo ntumwa zivuga ko zasanze ikibazo c’umutekano kitarakemuka, amatati y’amatongo, agateka ka zina muntu, gutotezwa n’abasangwa, ubwicanyi no kwagirizwa ivya poritike ni bimwe mu bibazo bitarakemuka.

N’abasigaye mu nkambi ku bwabo bemeza ko amahoro ari ku muntu umwe umwe kandi buri muntu afise ico yahunze gitandukanye n’uwundi kubw'izo mpamvu basaba reta ya Tanzaniya co kimwe na HCR gutahukana abavyishakiye gusa.

Abarongozi ba reta ya Tanzaniya n’abaserukira HCR nabo ku bwabo muri urwo rugendo barakoze amatohoza ku bijanye n’umutekano ubarizwa mu gihugu c’Uburundi. Ku bwabo basanga amahoro yaragarutse mu Burundi.

Gusa reta ya Tanzaniya itera akamo impunzi zose zisigaye mu gihugu ca Tanzaniya kwiyumvira gutaha mu gihucu cabibarutse mu gihe umwanya wo gutahukanwa ku nguvu utarashika.

Mu ntumbero yo kuzunguruka igihugu cose c’Uburundi reta ya Tanzaniya ivuga ko mu kwezi kw’ 10 na 12 uyu mwaka turimwo izorungika iyindi mirwi itandukanye kuja kuraba ibijanye n’umutekano nyuma yaho izofata ingingo zikomeye ku abadashaka gutaha kuja kwubaka igihugu cabo.

Umviriza ibindi muri ino nkuru ya James Jovin akorera Ijwi ry'Amerika muri Tanzaniya.

Abagiye mu Burundi Bashitse mu Ntara Zose z'ico Gihugu
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:04 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG