Uko wahagera

Uburusiya Bwagiriza Ukraine Igitero Cishe Umukobwa w'Umugenzi wa Poutine


Abakora iperereza b'Uburusiya bari ahiciye umukobwa w'umugenzi wa Poutine

Uburusiya kuri uyu wa mbere bwagirije Ukraine urupfu rw’umukobwa w’incuti akongera akaba somambike na Prezida Vladimir Poutine.

Uburusiya, bwavuze ko ikigo ca Ukraine kijejwe iperereza, FSB, ari co kibazwa bombe yatezwe mu modokari ku musi wa gatandatu, mu micungararo ya Moscou, igahitana Daria Dugina, umukobwa w’imyaka 29.

Se wa Darya yitwa, Alexander Dugin. Ni umunyeporitike w’inzobere. Aracuditse cane na Prezida Vladimir Poutine, ku buryo banamutaziriye ko ari we “Bwonko bwa Poutine”.

Ibimenyeshamakuru vyo mu Burusiya vyatangaje ko igitero cahitanye Darya Dugin gishobora kuba cari catezwe se wiwe.

Prezida Vladimir Putin yagaye iyicwa ry’uwo mukobwa, mu butumwa yatanze bwo guhoza umuryango wiwe.

Mu mpera z’indwi iheze, Ukraine yarahakanye ko ata ruhara ifise muri ico gitero ca bombe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG