Uko wahagera

ONU: Abana 972 Baramaze Kwica canke Gukomeretswa n'Intambara muri Ukraine


Ivyononwe na Misile y'Uburusiya mu gitero c'i Vinnytsia, muri Ukraine, kw'itariki ya 14/07/2022. Abantu hafi 20 barahasize ubuzima, barimwo abana batatu
Ivyononwe na Misile y'Uburusiya mu gitero c'i Vinnytsia, muri Ukraine, kw'itariki ya 14/07/2022. Abantu hafi 20 barahasize ubuzima, barimwo abana batatu

Ishami rya ONU ryita ku bibondo, UNICEF, rivuga ko hafi abana 1000 bo muri Ukraine bamaze kumenyekana ko bishwe canke bakomeretse mu ntambara imaze amezi atandatu hagati ya Ukraine n’Uburusiya.

UNICEF yavuze ko amatohoza yakoze yerekana kw’ abana 972 aribo bamaze kumenyekana ko basize ubuzima canke bakomerekeye muri iyo ngwano. Ivuga kandi ko ico gitigiri gishobora kuba kirenga. Benshi muri bo bishwe n’ibisasu biturika, nk’uko umuyobozi nshingwabikorwa wa UNICEF, Catherine Russell abivuga.

Russell yavuze ko haruhande y’abo bana bishwe canke bakomeretse, hafi umwana wese muri Ukraine yatuntujwe n’intambara, kandi abana bahunze bashobora kuzotandukana n’abavyeyi, abandi bagakoreshwa mu bwicanyi, abandi bakorerwe amabi atandukanye.

Russell yavuze ko ikigo aserukira kigereranya ko ishure rimwe mu mashure 10 ryononwe canke ryasambuwe muri Ukraine.

Reta ya Ukraine yama yagirije Uburusiya ko bukora ibitero ku basivile ba Ukraine, ariko Uburusiya bwo bwama bwavyamiriye kure.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG