Uko wahagera

Umukuru wa CPI mu Rugendo muri Sudani


Karim Ahmed Khan, umushikirizamanza mukuru wa CPI, mu kiganiro n'abamenyeshamakuru mu bushikiranganji bw'ubutungane muri Sudani, Khartoum, muri Sudani, kw'itariki ya 12/08/2021

Umushikirizamanza mukuru wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI, Karim Khan ari mu rugendo muri Sudani.

Itororokanirizo ry’amakuru ryo muri Sudani, SUNA, ryavuze ko Khan hamwe n’izindi ntumwa bari kumwe bazoganira n’abategetsi bakuru b’igihugu, bongere begendere intara ya Darfur.

Urwo rugendo rwa Khan muri Sudani ruzobandanya gushika kw’itariki ya 25 y’uku kwezi. Ni mu gihe mu mwaka uheze yari yagendeye Sudani mu biganiro bijanye n’imitahe CPI yasohoreye abagirizwa ivyaha vyabaye mu 2003 mu ntara ya Darfur, ku ntwaro ya Omar al-Bashir.

Ni urugendo rwo ku ncuro ya gatatu rukozwe n’umushikirizamanza mukuru wa CPI muri Sudani kuva Bashir akuwe ku butegetsi mu kwezi kwa kane, umwaka w’2019.

Kuva umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare, Abdel Fattah al-Burhan, afashe ubutegetsi, Sudani iri mu mutekano muke, ubutunzi bwasubiye inyuma, hamwe n’indyane zishingiye ku moko, harimwo n’intara ya Darfur.

Bashir aracari ku rutonde rw’abaronderwa na CPI ku ruhara yagirizwa ko yagize mu ntambara yabaye mu ntara ya Darfur mu 2003, intambara hagati y’abarobeli bo mu bwoko bw’inkehwa na reta igizwe ahanini n’abarabu.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG