Uko wahagera

Abahitanywe n'Imvura mu Buhindi Bageze kuri 40


Kuri iyo foto, uwo mwana w'umukobwa ahetse musaza wiwe bagerageza kuva mu myuzure

Abategetsi mu Buhindi batangaza ko n’imiburiburi abantu 40 bahitanywe n’imvura ivanze n’ibihuhusi yari imaze iminsi itatu irwa mu buraruko bw’ico gihugu. Abatari bake batatangaje igitigiri nta wuramenya irengero ryabo.

Iyo mvura ivanze ibihuhusi yasenyuye amazu menshi, ibomagura amabarabara n’ibitarurwa. Abahinga mu vy’ibirere mu Buhindi bahumurije bavuga ko urugero imvura yiriwe iriko irarwako ata bwoba ruteye. Izobandanya yamara irwa urutavanako kugera n’imiburiburi ku wa kabiri nkuko babandanya kubivuga.

Abantu 36 muri 40 bemejwe ko bahitanywe n’iyo mvura ni abo muri Reta ya Himachal Pradesh, iri mu zikikujwe n’imisozi minini ya Himalaya. Abaharurwa mu majana bo muri iyo Reta babaye baregeranirizwa hamwe bivuye ku mazu yabo yasenyutse.

Ibiza biterwa n’imvura ivanze n’ibihuhusi biramenyerewe mu Buhindi mu mezi ari hagati y’ukwa gatandatu n’ukwa cenda. Akenshi vyibasira uburere bwegeranye n’imisozi miremire ya Himalaya. Abahinga aha bakagabisha bavuga ko ibiza bizogenda biriyongera bivuye ku bushuhe bw’isi butuma ibibarafu bigize umusozi wa Himalaya biyonga. Mu mwaka uheze, imvura ivanze n’ibihuhusi yishe abababa 200 bo mu ntara ya Uttarakhand yegeranye cane n’imisozi ya Himalaya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG