Uko wahagera

Erdimi Atavuga Rumwe n'Ubutegetsi bwa Chad Yahungutse


Timan Erdimi

Timan Erdimi, umwe mu bategetsi bakomeye b'abarwanya ubutegetsi muri Chad yatahutse mu gihugu ciwe uno musi ku wa kane, inyuma y'imyaka 17 yari amaze mu buhungiro kugira agire uruhara mu biganiro vyo ku rwego rw'igihugu bigenewe gutegura amatora inyuma y'uko abasirikare bafashe ubutegetsi mu mwaka uheze.

Erdimi, umwishwa w’uwahoze ari prezida wa Chad, Idriss Deby, yavuye muri Chad mu mwaka w’i 2008 agiye kuyobora abarwanya ubutegetsi bwiwe, yashitse n’indege ku murwa mukuru wa Chad, N’Djamena, uno musi ku wa kane. Yatangaje ko yizeye ko ibiganiro vyo ku rwego rw’igihugu bizosubiza hamwe igihugu.

Yamenyesheje ko yizeye ko ibintu vyose bizogenda neza mu ntumbero yo gushika ku mahoro, kunywanisha abanyagihugu n’ukugarukana umutekano mu gihugu.
Imirwi y’abarwanya ubutegetsi n’abatavuga rumwe na reta barenga 30 barateye igikumu ku masezerano y’amahoro n’abategetsi ba reta mfatakibanza ya Chad mu ndwi iheze. Izo mpande zemeye kuja mu biganiro vyo ku rwego rw’igihugu cose bizotangura ku musi wa gatandatu.

Yamara umurwi urwanya ubutegetsi ukomeye kurusha iyindi waranse kuja mu biganiro vy’amahoro. Inteko ziwe zahatswe gutembagaza ubutegetsi bwa Deby mu mwaka w’i 2008. Zikaba zabandanije kugeramira reta kuva ico gihe. Mahamat Idriss Deby, umuhungu wa Idris Deby Itno, yashizwe ku butegetsi n’igisirikare mu mabanga ya prezida w’imfatakibanza igihe se wiwe yicwa ku rugamba mu kwezi kwa kane kwo mu mwaka urangiye. Mahamat Idriss Deby yaratanguje ibiganiro n’imirwi itari mike irwanya ubutegetsi, yarwanije intwaro ya se wiwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG