Uko wahagera

Igitero ku Musigiti muri Afuganistani Cishe Abarenga 10


Umuvugizi w'Abatalibani, Zabihullah Mujahid mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Kabul kw'itariki ya 30/06/2022
Umuvugizi w'Abatalibani, Zabihullah Mujahid mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Kabul kw'itariki ya 30/06/2022

Abategetsi b’Abatalibani hamwe n’amakuru ava mu bitaro muri Afuganistani bavuze kuri uyu wa gatatu ko ikibombe gikomeye cane catewe mu musigiti warimwo abariko barasenga ku mugoroba, ku murwa mukuru Kabul, hapfa abantu benshi bataramenyekana igitigiri.

Khalid Zadran, umuvugizi w’igiporisi c’i Kabul, yabwiye Ijwi ry’Amerika ko hari abapfuye n’abakomeretse benshi adashobora gutangira igitigiri. Yongeyeko ko abakora iperereza n’amatohoza bahashitse kandi amatohoza yatanguye.

Amakuru atandukanye avuga ko abantu hafi 20 bahasize ubuzima abandi benshi barakomereka muri ico gitero kivugwa ko cakozwe n’umwiyahuzi.

Umuvugizi w’ubutegetsi bw’Abatalibani, Zabihullah Mujahid, yaneguye ico gitero, yongera avuga ko ababikoze bazorengutswa vuba imbere y’ubutungane kandi bazohanwa. Nta muhari washotse wemanga ico gitero cabaye ku musigiti witwa Siddiquiya i Kabul. Ariko umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu ISIS-K ukorera muri Afuganistani niwo ukekwa kugaba ico gitero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG