Muri Murisanga y'uno munsi, turaraba ibibera mabohero mu Burundi, n'ubuzima abanyororo muri ico gihugu babayemwo. Twabatumiriye Germain Rukuki aharanira agateka ka zina muntu, yapfunzwe imyaka igera kuri ine, akaza kurekurwa inyuma y'uko imyaka 32 yari yarasabiwe gufungwa ishizwe ku mwaka umwe.