Uko wahagera

Burundi: Abateshejwe Izabo mu 1993 Bemeza ko Reta Iriko Irabahohotera


I Buraza
I Buraza

Abateshejwe izabo mu mwaka w’1993 baba muri site ya Buraza mu ntara ya Gitega mu Burundi bariyamiriza agatotezo n’iterabwoba bemeza ko bariko barakorerwa n’ubutegetsi bw’Uburundi. bagiriza ubwo butegetsi kubabomorerwa amazu kugira ngo bate bomoke basubire iyo baje bava kandi badafise aho bashikira kuko amazu yabo yabomowe mu ntambara. Basaba Reta kubanza kubaronderera aho baba mu gihe yoba ikeneye ivyo bibanza.

Mw’Ibwirizwa shingiro ry’Uburundi mu ngingo yaryo ya 13, rirerekana rikanasigura neza ko abarundi bose banganya iteka hamwe n’ivyo bakwiye kuronka. Abanyagihugu bose baranganya agateka kandi amabwirizwa akabakingira kumwe. Ryerekana kandi ko ata zina Murundi n’umwe akwiye gukumirwa mu bijanye no kubana n’abandi.

Gusa naho ibwirizwa shingiro ribivuga gutyo, abanyagihugu bacitse kw’icumu mu mwaka w’1993 bashizwe mu ma site atandukanye inyuma y’intambara yabaye ico gihe, bavuga ko batewe impungenge n’ibikorwa vyo kubomora amazu bubakiwe muri ayo ma site. Babwirwa n’indongozi z’ama komine ko hagiye kwimurirwa ibindi bikorwa kandi ata handi bafise berekeza. Abavuganye n’ijwi ry’Amerika ni abari muri site ya Buraza muri Komine Buraza mu ntara ya Gitega bamazemwo imyaka yababa hafi mirongo 30.

Gushika ubu amazu yababa 30 aramaze kubomorwa, ayagera kuri 26 nayo amaze gushirwa k’urutonde rw'ayategerezwa kubomorwa nkuko ababa muri iyo site babitangarije Ijwi rya Amerika. Bavuga ko ikibazo cabo bagishikirije abajejwe intwaro ariko gushika ubu ntawurabagarukirako. Uku ni ko babisigura.

Abamaze kubomorerwa amazu ubu babuze ayo bacira n'ayo bamira kuko badafise aho bakika umusaya nkuko babivuga. Ijwi ry’Amerika ryavuganye na Tassien Sibomana arongoye umugambwe UPRONA utemewe n’ubutegetsi bw’Uburundi, avuga ko abo bateshejwe izabo batari bakwiye gutotezwa na Reta kandi ariyo yari ishinzwe gukingira agateka kabo.

Umushingwamanza Janvier Bigirimana, aharanira agateka ka zina muntu, nawe asigura ko hari vyinshi Reta y’Uburundi iriko irirengagiza kuko yari ikwiye kubandaniriza aho ubutegetsi bwayibanjirije bwari bugejeje mu gufasha no guteza imbere abo bahonerejwe ivyabo n’ababo bakisanga aho batifuza kuba. Avugana n’ijwi ry’Amerika uku niko abivuga.

Ubushikiranganji bujejwe gushigikirana ari nabwo bugomba gufata mu minwe ico kibazo, abacitse kw’icumu barabutabaje ariko gushika ubu ntibaragira ico bukorako. Ijwi ry’Amerika ryagerageje kubarondera ngo bagire ico bizeza abo banyagihugu rirabakena.

Naho abateshejwe izabo bariko barasamburirwa amazu, uwuserukira umurwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH, Sixte Nimuraba yari aherutse kumenyesha ko ata muntu n'umwe wateshejwe ivyiwe akwiye gutahukanwa ku nguvu.

Mu mwaka w’1996 niho umurwi wari wararungitswe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU gutohoza ku vyabaye mu Burundi inyuma y’urupfu rwa Perezida Merchior Ndadaye. Uwo murwi wemeje muri raporo wasohoye ku vyavuye mu matohoza ko habaye ihonyabwoko ry’abatutsi ryakozwe mu mwaka w’1993 rikozwe n’umugambwe wariho ico gihe SAHWANYA FRODEBU. Abatutsi benshi barishwe bazize ubwoko bwabo ndetse n’abahutu bari mu mugambwe UPRONA baricwa. Reta yakurikiyeho ico gihe niyo yari yarashizeho ama site hirya no hino mu gihugu kugira ngo abacitse kw’icumu bashobore kuronka aho bakika umusaya mu gihe bari bamaze guhonerezwa ivyabo n’ababo. Ibitungwa vyabo vyarishwe, amazu yabo nayo araturirwa ayandi arabomorwa.

Umviriza ibindi muri ino nkuru ya Thierryve Ndayishimiye.

Buraza: Abateshejwe Izabo Bemeza ko Bariko Batotezwa na Reta
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:52 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG